top of page
Arrangement de fleurs

Shalom chers Nathalie&Olivier,

 

nashaka kubashimira cane gose kubiganiro vyanyu  vy'igiciro kidasanzwe muriko muraduha nukuri ndashimira Imana cane gose.

 

Ibi vyama temperaments nabiheruka kuvyiga kera nkiri umu étudiante ico gihe nta importance nini nabihaye... Ariko ubu ndiko ndabumviriza niho natahuye ibibazo n'ugukomereka nagize. Ibi biganiro vyatumye mbohoka kandi mbabarira,  ndabasha nogukira esprit de ressentiment etc. 

Nta myaka myishi maze mu rugo  ariko kubera ndumu mélancolique meze nka Nathalie 1000% nukuri nigitangaza « on a été fait dans un même moule comme dirait les français » nukuba perfectionniste gukunda urutonde birenze etc. 😄😄😄😄No kutaba coquette nukudatahura  ingene abagabo bakunda ama bijoux bling bling mon Dieu 🤦🏾‍♀️🤦🏾‍♀️😂😂😂reka ndabatere inkuru...kuri dot yacu nambaye aka bague gato plaqué nakaguze ibihumbi cumi vy'amarundi (10.000Fbu) kandi twese twari dukora dufise akazi keza ariko naramusavye nti ntama bagues nkunda kwambara donc niwagura bague ya 450 milles Fbu nzoca mbika mukabati bizoba bibabaje gusumba. Aca aranyemerera ntanuwamenye nakimwe kuko abantu ntawari gucisha no mumutwe ko yonyambika bague ya 10 milles...iyindi blague nuko en septembre twari dufise fête d’anniversaire yumwana wacu yabera muhira hama muma préparatifs narakoze isuku à fond (gusohora hanze ibintu vyooose no kwoza inzu yose jenyene sans problème) neza na neza umugabo wanje yambona nkumusazi yama ariko araconkoza ngo “namba ari Dot igire ibe” 😂😂😂rero igihe twumva Nathalie uko ameze nawe twaciye turema 😂😂😂ako kari agaciyemwo mube muratwenga kuko natwe muhora mudutwenza cane Imana ibahezagire cane. 😘😘😘😘❤️❤️❤️❤️❤️❤️

 

Iyindi ntahe 

 

Jewe nkigira mariage nashikiye muri belle famille (restreinte et élargie) bose bafise tempérament imeze kumwe ntari menyereye (baguma baraba utuntu twose hama bagaca imnza kandi bakabikora banavugira hejuru. Kandi babikora bibaza ko bobo batunganye (bari parfaits) iminsi yose kuburyo numunsi wa mariage yacu bavuze ngo sinifashe neza, ngo sinabaye très coquette ko nambaye ikanzu itameze nkuko biteze na bouquet de fleur yanje yarabaye critiqué. 

 Nibaza ko basanze ndi trop simple. Nanje avec un cœur très sensible narababaye nabona umengo ivyo bakora ntibiri normal kuko natwe muhira twakuze batubwira ko kizira gu critiqua ndibuka nuko turi abana bato hagize umwana atwenga uyundi baca bamukubita.

 

Rero kuva l’année passée mubintu nari narasengeye nasaba Imana ngo imbohore uwo mutima w'inzika nabagiriye, ahandi naho nasaba Imana impe kugira maturité émotionnelle ikwiriye kuburyo ntazosubira kubabazwa nutuntu abandi bokwita dutoduto nkutwo 🤷🏾‍♀️

 

Izi partages sur les tempéraments zije zimbera inyishu kumasengesho yanje. Mpejeje kuzumviriza naritahuye ko ndi normal mu kugira umutima uwo uri sensible nabo nyene ndatahura tempérament yabo ko bambabaje batabizi ahubwo nasanze ya ressentiment yaragiye à force yo kumva izi nyigisho waaouh ubu nukuri nisanze nahinduye isengesho ubu nsaba Imana impe sagesse yo kubana nabo neza kuko natahuye badashobora kumpindura nsnje ko ntashobora kubahindura. umwe wese afise uko ashonye (aremwe) umugani wa Olivier 😂😂😂😂😂

bottom of page