top of page
Nouvelles fleurs

Mwiriwe neza,

 

Nitwa Nadège Leïla( Nana)ndi umurundikazi, nkaba MBA muri Casablanca, ndubatse nkabandi n'umu maman wabana 2. Nagira nshime Imana kandi nshinge Intahe kubw'igikogwa ciza iriko irakoresha le couple Nathalie & Olivier HAKIZIMANA.

Ndakurikiranira hafi cane ibiganiro vyabo, kandi biranashikira kenshi nkiyo numva arije mbwiwe

mukiganiro kimwe canke ikindi kukimarako umwanya munini gose, nkumviriza ngasubira nkumviriza, biraryoshe kumva 😁� ikintu utabwiwe kugiti cawe, ariko ukumva ikivuzwe cose cerekana icuri

ndetse nico utibazako uri (canke utahoro utahura).

Izo nyigisho rero zitaratangura bantu b'Imana, narinzi kandi naranavuga ko jewe mfise personnalité zitatu, narakwemeza ko abanzi muri

milieu yo kwishure bafise ishusho yabo kuri jewe, hama abanzi naho muri milieu yibikogwa vy'Imana nabo bari bafise ishusho yabo, itandukanye nishusho izwi numuryango wanje canke ababanyi (ivyo bintu ntimwumvako

biteye ubwoba ga bantu🤦� ,)

 

maze kumviriza ibiganiro vya Nathalie

&Olivier naritahuye nanje, hama ndaruhuka mumutwe no mumutima kuko nasanze ndi umuntu afise ibice binini vyubu sanguin arico gituma abanzi kwishure naba ndi umuntu ashuha, vyama binashika gose nkabanzwi naba préfet de discipline, bikanamfasha pour le social cane cane mubikogwa vy'Imana,(biragoye vyose kuvyandika

mwidonido).

Mumajambo make aho wanshira niho naja, urumva kubera ubwo bu sanguin, muri famille naho canke mukibano kubera kuba imfura

nkaba nimpfuvyi naca nsanga nabaye nk'umu mélancolique. Ubu rero narize kwiyakirira kandi ndaziko ndi muzima☺ . 

Ndashimiye Imana yemeye mukabaho, mukabana, mukumvira umuhamagaro wayo,mugakora ico gikogwa kiriko kiruhura benshi. Ubu ndiko mbandanya nitahura. 

Hama kugice kindi c'ibikomere, ibi ni binini cane kuri jewe novuga ko ivyama tempérament birafise ishusho vyanyeretse ntahora nzi, muga icibikomere kiriko gihishura ikindi gice kinini goseee kuko kimwe cose kiriko kiza kintahuza kuwondi. Umuntu arimwo ibice binini vyuko yaremwe

muga harimwo nivyo yaciyemwo nukuvuga uko yakuze

Ndabuze uko ndangiza iyi

ntahe, kuko kubwanje ntirahera😁�

bottom of page