top of page
Image de Hector Ramon Perez

Helloo Olivier& Nathalie...

 

Mumeze neza? Twashaka kubashingira intahe par rapport ya ma audio yanyu muri mariage yacu. Haciye imyaka ibiri twubatse. 

 

Igihe twatangura kuzumviriza twari tukiri muri fiançailles, niho vyukuri Imana yagiye iratwugurura amaso sur le plan individuel( kwimenya kuruhara rwacu) no kumenyana en tant que couple. Twaratahuye passé y'umwe umwe wese, ivyo twoba twaraciyemwo vyadukomerekeje urabiye ku ma réactions usanga umuntu agira, aho umwe akomeye ugereranije n'uwundi, aho uwundi ari faible par rapport y'uwundi, kumenya tempérament y'uwo muzokwubakana, bidutera gusengeranira kubera ico gihe twariko twitegurira ubugeni.

 

 Kandi vyukuri vyaradufashije kwitegurira mariage yacu cane cane gukosora notre Vision yacu atariyo kuvyerekeye ubugeni. Nubwo vyaruko, ntivyabujije kubomana(nubu tukiriko..🤣🤣🤣)mu misi ya mbere tukigira mariage, nubwo pratique yari yatanguye muri fiançaille twasanze atarico kimwe mwubakanye. Aho umubona 24h/24. Bisaba ko wiy'impliqua gusumba kandi Imana yaradufashije nukuri! Turashima urugendo tugezeko gushika ubu nubwo tumaze umwanya muto twubakanye.

 

 Twaratahuye agaciro ko kuronka abantu bagusangiza ivyo baciyemwo nabo na cane cane iyo bafise imigenderanire na Mpwemu yera! Nubwo bishika ntiduhuze mu misi ya mbere le choc ntiyaba niniya kubera twari tumaze kumenya ko bibaho! Imana ibahezagire ku gikorwa canyu kandi ibandanye ibaha gutahura umugambi wayo kubuzima bwanyu! Mwarahezagiwe kandi turabakunda caaaane!!❤️

Derrick et Ange

bottom of page